africanianews@gmail.com Tuesday - Oct 17, 2017

Igice ca nyuma c’ijambo ry’Umukuru wa PPD-Girijambo, Léonidas Hatungimana, ku vyaranze umwaka wa mbere urangiye Nkurunziza yihagiye ikiringo ca gatatu: ibisata vy-ubutunzi n-imibano


Barundi barundikazi mukuna igihugu,

Ncuti z’ Uburundi,

11 Mu gisata c’indero ni akamuna. Ubwo butegetsi bwaranzwe no gutitura ico gisata .Ehe namwe:
  • Mu nteguro y’amafranga leta ikoresha mu mwaka w’2016, bakigabanijeko amafaranga arenga imiliyaridi zitandatu ugereranije n’ayo mu 2015.
  • Ca kigega cahurizamwo imfashanyo zose zija muri ico gisata (fonds commun de l’education) ubu kiragaragara kubera bateye akagere amakungu ngo Uburundi bwarikukiye burikwije . Hari hitezwe imiriyaridi zirenga 75 z’amafaranga y’amarundi. Ubu iyo Leta yoba iriko irategura itegeko ryo kurondera amahera aja muri ico kigega mu gukata 2% ku mukozi wese ashikana umushahara w’ 150.000.
  • Muri uyu mwaka w’ishure waraye urangiye, kubera umutekano muke, akajagari n’ubukene mu mashure no mu miryango, abanyeshure bo mu mashure y’intango n’ayisumbuye bataye bakomoka barenga ibihumbi 115.Mwumve namwe iryo bara.
  • Nkuko umengo ivyo ntibihagije, ubwo butegetsi bwaraye bufashe ingingo yo guta mw’ibarabara abandi banyeshure barenga ibihumbi 90 bari bahejeje umwaka w’icumi mu mashure asanzwe n’uwicenda mu mashure nshingiro mu gushinga ko abazokwunguruzwa batazorenga 60%. Ngo abo 40% bazoca baja mu mashure y’imyuga. Ari he? Ko hari hategekanijwe ishure ry’imyuga rifise ibikwiye mu bikoresho no mu bigisha kuri buri zone, ryarubatswe? Ikibabaje ni uko no kugira baronke n’abo 60 kw’ijana vyabaye ngombwa ko hari aho bafatira ku manota ateye isoni nka 26 kw’ijana. Ako si akambaro k’ibara?Ewe bana b’Uburundi Nkurunziza arabariye. Mwakoze kwiga mu buryo budashemeye aho benshi basigaye bivugira ngo biga “fyondamantare”, abandi ngo ni “forma ntahe” kubera kubura inyigisho z’akanovera none ehe ingingo mufatiwe!
  • Twabibonye kare aho hirukanwa abanyeshure bashika 1114 ngo banditse kw’ifoto ya Nkurunziza tutazi ico bayishiriye mu bitabo vy’ishure, abashika 44 muribo no gufungwa  barafungwa, bakaba bahatowe n’uko abarundi n’amakungu basemereye.
  • Muri kaminuza bati genda musange barumuna banyu mw’ibarabara, birukana abanyeshure barenga 300 bariko baharanira kuronka umuco ku nyigisho batungaririzwa. Abasigaye babafutira amafaranga yo kwimenyereza (frais de stage) , abaja muma kaminuza y’abigenga babima twa dufaranga two kwiyandikisha bahora badutegekanirizwa, noneho bahagarika akayi ko mu gitondo n’akanyama mu zindi mfungurwa , ibintu tutari bwumve kuva kaminuza yashingwa mu 1964.
  • Aha rero ntitwavuze ko ku ngero zose z’amashure kwisanzura kw’abagisha n’abanyeshure kutakirangwa mu nyigisho, mu vyivugo, mu vyese’ mu vyirwa bisaba guhararira,…. Uwugize araryogoye ibinyuranye nivyo ubutegetsi bushaka, igendereza riba ryamubonye. Abigisha bamwe bamwe bo mu ma kaminuza baravyiboneye, uretse ko na benshi bataye bakomoka. Hageze mbere aho umunyeshure yayobewe ategeka kwunguruzwa kubera gusa azwi neza muri CNDD-FDD baba bamusamaje bamutumagiza ibikorwa vyo gutoteza abanyagihugu.Mu kurangiza mu vyerekeye iki gisata, twibaze akanovera indero isigaranye mu Burundi nimba abanyeshule biga muri ubwo buryo ! Mbegaho uravye uko abavyeyi batangishwa agasakisaki amafaranga, rwa ruhendo ngo” kwiga ku buntu” ruracafashe naho Nkurunziza yavuze ko bibandanya mw’ijambo yashikirije ku 19/08/2016? Birame ndore.

Barundi barundikazi mukunda igihugu,

Ncuti z’ Uburundi,

12 Mu gisata c’amagara y’abantu ho vyifashe gute?
  • Leta yarabanje iranamura igabanya ku rugero rwa 54% amafaranga yahora aja muri ico gisata.
  • Amadeni leta iheraniye ibitaro vyose muri rusangi ashika imirayaridi icenda , muri izo ibitaro vy’abigenga vyafasha mu kuvura abana, abakenyezi bibugenze, ….biheraniwe imirayiridi zine n’imiriyoni amajana.Ibi bituma haba gukena imiti maze ugiye witwaje ngo ya ngingo yo kwivuza ku buntu canke ka gakarata ko kwivurizako CAM canke kuvuzwa na mutuelle, baca bakwandikira gusa umuti ngo ugende kuwigurira 100%. Aho bagize ngo bagira bifate mu ryahumye , baciye baduza amahera arihwa mu kwisuzumisha (frais de consultation). Ku wufise mutuelle akaba yavuye kw’ijana(100 fbu) aja kuri 2800. Uwivuza yirihira yose ava ku 500 aja ku 3200. Ivyo bikaba bimaze n’imiburiburi amezi 4 bikorwa uko kuri Prince Regent Charles mu Buyenzi no kuri Roi khaled mu Kamenge.
  • Bigoye bikiriko naburya n’ikigo CAMEBU kidaherutse kuzana imiti kuva mu kwezi kwa kabiri 2016 kubera kubura amfaranga y’agaciro, ngira nivyo twibonera ingene imiti iguma izimba, aho nka kinini ivura malariya imwe mu 2014 yagurwa  amafaranga 95 ,ubu ikaba igeze kw’ 145 ,ni ukuvuga ko igiciro caduze incuro 52% , parcetamol abantu benshi bakenera ikaba yavuye ku majana abiri ikaja 450 ni ukuvuga ko yaduze incuro 125%. None ga yemwe ibintu bimeze uko twemere Nkurunziza agume abesha ngo wa mugambi wo kuvura ku buntu urabandanya?
  • Kubera gukora nabi n’igiturire vyiharije ibisata vyinshi harimwo n’ic’amagra y’abantu, n awa mugambi rusangi wo kurwanya ikiza sida wahora ukorera muri CNLS haraciye imyaka 15, waraye wimuriwe muri Croix rouge. None ga yemwe Nkurunziza ariko ajana igihugu he?
13 Igisata c’ubutunzi naco nyene iyi manda yagisize iheruheru.
  • Nko mu bijanye n’akazi be no kwisumamwo , iki kiringo caje gushira abanyagihugu mu bukene no Ehe rabe na mwe:

a.  Mu nteguro y’amafaranga Leta ikoresha mu mwaka w’2016 , yaratangaje ko ata buzi buzotangwa kiretse muri OBR

None iyo Leta nyene iherutse kumenyesha ko kiretse uwahejeje ENS canke igisata ca IPA , atawundi arekuriwe gusaba akazi mu gisata c’indero niyo hari uwo basubiriza . None abize ibindi bisata babaye abande ? Kubera ico mbere , hariko harakorwa ico twokwita gusaranganya abigisha bahasanzwe ngo baje kwigisha hirya no hino , bikaba biriko bibamwo akajagari ntangere , ikimenyane n’akarenganyo.

b. Na Leta yigira igihangange vyayinaniye kugumya abakozi 12 kw’19 bahora bakora muri komite yo gukurikirana ivy’imfashanyo ziva hanze CNCA kubera amakungu yakuyemwo
c. Iyo Leta biyinaniye gutanga akazi , abarundi bahora bahatorwa n ‘ abikorera utwabo none nabo nyene bageze aho umwansi ashaka. Leta yarugaye amaradiyo n’ibimenyeshamakuru , irugara amashirahamwe atari make y’abadaharanira ivyicaro vya politike , kandi abo bose bahora batanga ubuzi

d. Mu kigo API kijejwe kwakira abashaka gushinga imitahe , mu 2014 cari cahaye seritifika amashirahamwe 29 yokoresheje imwe imwe umutahe urenza imiriyoni 100 y’amarundi buri shirahamwe . Mu 2015 , kubera ico kiringo, habonetse amashirahamwe 3 gusa ni ukuvuga 10% . Nayo amashirahamwe matomato yiyandikishe mu 2015 ni igice c’ayari yiyandikishije mu 2014 .

Ubuzi twari twiteze mu 2014 bwari 30726 nayo mu 2015  umwaka waheze abashinga imitahe berekana ko bazoha akazi abantu 13116 gusa ni ukuvuga 43% ugereranije no 2014 . Iyoho n’ubwo buboneka . Bari gukorera he ? Hafi rero 3% kw’ijana gusa ni ukuvuga abakozi 400 nibo twovuga ko baronse akazi .

e. N’amashirahamwe asanzwe afise imitahe itubutse amwe amwe  yarahomvye uturorero ni nka Hôtel Club du Lac Tanganyika isigaye ironka abakiriya nka 20% yahora ironka 90% y’abo ishoboye kwakira . ivyo bikaba vyatumye yirukana abakozi 164 ku 300 yakoresha . Hôtel Source du Nil yavuye ku 65% ishitse ku 5% nayo nyene yaragabanije abakozi . Roca Golf yirukanye 70% vy’abakozi yahorana ; UBUCOM yirukana abakozi 225 kuri 360 yakoresha . Na Farisana yarugaye igisata c’ihinguriro. Ab’imitahe mito mito bo ntibakivuga , ubwanwa bwarafutse

f. Amatwi adusumira , amashirahamwe Atari make yarandikiye ikigo OBR muri uyu mwaka w’2016 amenyesha ko ahagaritse ibikorwa kubera akora ahomba , bisigura ko batoyaronderako ikori .

g. Abaririmvyi benshi barataye baromoka , n’abasigaye nta marya . Nkako , abanyamuziki bajana no kuryoherwa kw’abanyagihugu gutyo bagategura ibiteramo , karaoke , n’ibindi . None abanyagihugu barihangikiye , buzuye amaganya , ubukene nabwo burokora amakara bugata ,…

h. Abisumamwo mu gutwara abantu n’imiduga , amapikipiki n’amakinga nabo nyene Uretse ko bamwe birukanywe mu gisagara ca Bujumbura , abakidebereza bafise ingorane zidasanzwe kubera kubura abakiriya , kugabanirizwa uturere n’amasaha yo gukoreramwo , iduga ry’igiciro c’igitoro bigatuma itike iduzwa nayo abanyagihugu bakenye aho ntituvuge ko n’ivyuma vyo gusubiriza ibiba vyapfuye vyaduze igiciro incuro nka 3 .
i. N’utundi tuzi dutoduto turagoye kurangura kubera isaka ry’agasakisaki ryama ryabaye
j. Mu gutorera inyishu ikibazo c’ubushomeri , turi bubivuge uko, Leta n’umugambwe CNDD-FDD bahisemwo kuja kudandaza abakobwa n’abagore mu bihugu vy’abarabu aho bacurwa bufuni na buhoro , bakajanwa no mu bushurashuzi . Bararira atawe bayaha kuko bari iyo umwana arira nyina ntiyumve . Abashikiwe n’ako kaje karamana bashika 2000 naho igiporisi kimaze gusugerezwa n’ivyemezo simusiga cemeye 267 ata minsi n’ibiri yari iheze gihakanye urwo
k. N’abahora bisumamwo mu gukora akazi ko kwubaka no gutunganya amazu ubu barabuze ayo bacira nayo bamira . Nkako , ni abantu bake bagishobora kuduza inzu kuko ibikoresho vyaduze igiciro biteye ubwoba bivuye cane cane kw’itituka ry’agaciro k’ifaranga ry’uburundi n’ubukene bw’amafaranga y’agaciro nk’idorari ry’ abanyamerika ; tutibagiye n’itozwa ry’agasakisaki ry’amakori y’umurengera n’ibiturire. Wa wundi ati hasigaye ko batoza ikori no ku nkono iri kuziko baravye bitetswe, emwe ,abeshe buhoro .

Ehe namwe uko ibiciro vyaduze kuva ico kiringo gitanguye :

Isima (umufuko w’ibiro 50) : 24000 F  → 27000  F ni ukuvuga 12,5%

Iferabeto (mm 8)                   : 8500 F → 14000 F ni ukuvuga 64,7%
Imisumari (ikilo)                    :   2000 F → 3500 F ni ukuvuga 75,0%
Ibati BG 32                              : 11500 F  → 16000  F ni ukuvuga 39%
Ibati BG 28                              : 30000 F  → 48000  F ni ukuvuga 60%
Irangi ry’amavuta (igikopo) : 30000 F  →  45000 F ni kuvuga 50%

– Ivyaduze ibiciro si ivyo gusa n’ibifungurwa vyarashikiriwe ku rugero ruteye ubwoba ; ni ivyo mwibonera

Amavuta y’ibigazi (1Kg)                   :  1400 F  →  2750  F   : 96,4%
Isukari (1Kg): 1600 F → 2500 F (ugize IMANA ukayibona) : 56,2%
Umuceri wo muri Tanzaniya (1Kg):  1600 F  →  2000  F  :25%
Ibiharage bita jaune (1Kg)            :  1200 F  →   1600  F :33,3%
Umunyu (1Kg)                                 :     500 F  →   1500  F :200%

Eka n’ikigo ca Leta Isteeba carerekanye ko mu mwaka w’2014 , ibiciro ku vyankenerwa vya buri musi mu muryango vyaduze igiciro ku rugero rwa 4,4% . Nayo mu kwa 12 mu 2015 ko vyaduze ku rugero rw’7,1% . Hari akantu muri uyu mwaka. None n’umwimbu nturi bwiyongere kuko n’umwavu w’ikizungu warazimvye kuko ibiciro vyiyongeye incuro 12,5% .

Hagati aho umurimyi w’ikawa we ntakivuga . kubilo 100 vy’ikawa idatonoye mu 2014 yaronse 63000 Fbu ni ukuvuga amadorari35, mu 2015 aronka fbu 45000  ni ukuvuga amadorari 21 , muri uyu mwaka naho w’2016 yahawe fbu 40000  ni ukuvuga amadorari 16 gusa  . None ga yemwe Nkurunziza niyagumako mwumva mu 2017 muzoronka anaghe ? IMANA ni imubakize .

Bigoye bikiriko kuko ifaranga ry’uburundi riguma rita agaciro ku musi kubera ubukene bw’amafaranga y’agaciro butariko buratora inyishu vuba .

Imbere y’uko Nkurunziza yitangaza mw’ikoraniro kaminuza rya CNDD-FDD kuwa 25-04- 2015 , idorari ry’abanyamerika ryagurwa amarundi 1950 . Uyu munsi , umwaka umwe gusa inyuma yaho , rigurwa ayarenga 2650 . Bisigura ko ryaduze incuro nka 36% . Ni ubwambere bishika aho kuko n’igihe uburundi bwari mu bihano (embargo) mu 1996 , ntiryigeze rishika aho .

Ico twomenya ni uko ayo mafaranga y’agaciro yahora ava mumfashanyo duhabwa n’amakungu , mu mitahe y’abanyamahanga iza gushingwa mu Burundi , muri ba mukera rugendo bakiza kuraba ivyiza vy’i Burundi , mu barundi baba hanze bahora baza ari benshi muci , no muvyo twashora hanze no mubijejwe umutekano barungikwa hanze . Ibi vyose ubu bikaba vyarazanzamye kubera akajagari katewe na Nkurunziza .

Banyakuntunga nabo , mu gutorera inyishu ico kibazo biruka kubavunjayi , iterabwoba ng’iryo nk’uko umenga ibibazo vyose biratorerwa inyishu n’inguvu z’inkoho.

Ariko mwibuke ko hari umuvugishwa Nkurunziza yari yarizaniye amuha kuvugira ku nsamirizi n’imboneshakure vy’igihugu avuga ko kubera uburongozi bwa Nkurunziza , ifaranga ry’uburundi rizoba ringana n’idorari ry’abanyamerika mu 2017 . Ivya wawundi ati “ burakeye tuharabe ”… Ngira nico gituma bariko bakoresha inguvu zibaho ni ukugira ubwo buhanuzi bushike . Nzobambona ni umurundi .

Ingaruka z’ikena ry’ayo mafaranga y’agaciro ni nyinshi ariko ahanini twovuga ko haca habura ibidandazwa nyamukuru biva hanze nk’ibitoro , imiti , umuceri , ibikoresho vyo kwubaka , ibikoresho vyo mu mashure ,… niyo bije bikaza ari bike , bizimvye bigatuma n’ibindi vyose bizimba kuko ruca ruba uruhererekane .

  1. Naho ibintu bimeze uko , Nkurunziza we avuga ko ibintu bimeze neza . Maze be n aka karwi kiwe bakabandanya basahura n’utwari tuhari . Ehe raba namwe :Amadeni Leta ifitiye amakungu n’amabanki yo hanze atera yiyongera aho kugabanuka . Mu 2014 , yari imiriyaridi hafi 618 ; mu 2015 yari imirayidi hafi 646 ; uyu mwaka , gushika mu mpera z’ukwezi kwa gatatu yashika hafi imiriyaridi 696.Amadeni afitiwe abarundi n’amashirahamwe akorera mu gihugu yavuye ku miriyaridi hafi 631,5 mu 2014 , aja ku miriyaridi 759,5 mu 2015 ,akaba yari amaze kurenga imiriyaridi 788,5 mu mpera z’ukwezi kwa gatatu uyu mwaka w’2016.Aha rero ntituvuze ayo Leta ifitiye ibanki nkuru y’igihugu BRB aho mu 2015 yashitse imiriyaridi 273, ubu ibiharuro vy’uwumwaka tukaba tutarabironka. None mwumva tuja he?Hagati aho ya ndege MA 6o n’ubu ntiraguruka , imwe nayo yoreruye umukuru w’igihugu yavurwa ko yaguzwe amadorari y’abanyamerika arenga imiriyoni 8,5 kubera ubusuma buri muri iryo gurwa , n’ubu , ntirashika kandi yari yitezwe kuva mu kwezi kwa gatatu.Ivy’iterambere ry’igihugu vyo mwumvise kandi mwabonye ko atavyo Nkurunziza anezwe.Imigambi itari mike yarahagaze nk’isanurwa n’iyubakwa ry’amabarabara  nka RN4 riva kuri Chanic rija muri RDC riciye mu Gatumba , RN5 Nyamitanga-Bujumbura ibirometero 32 , igice ca gatatu c’ibarabara Ngozi-Kanyaru.N’ingomero z’umuyagankuba nka Jiji mulembwe na Kabu 16 ntizikiriko zirakorwa . Mugabo Nkurunziza ntareka kwizeza abarundi ko ubutare bwa Nickel I Musongati bugiye kwimbwa tukava mu bukene naho atamuyangankuba uhari wo gukora ico gikorwa.Na twa dufaranga imiriyoni 500 yari yabeshe ngo azoha buri komine ntitwabaye tukiboneka.Nimba twarabuze , nimba twaranyurujwe , mbaza nkubaze .Insiguro yatanzwe ngo ni uko ata komine n’imwe yashoboye gutunganya neza ikoreshwa ryayo . Umuntu agaca yibaza ingene ata musitanteri n’umwe yakuwe bigaragaye ko ataco bashoboye , canke abitwa abashikiranganji b’intwaro yo hagati mu gihugu n’uw’iterambere ry’amakomine ngo babogozwe. Iyo buba ubw’umwe bwari ikindiMu nama Nkurunziza yagirishije abanya Cankuzo i Mishiha itariki 20 z’ukwezi kwa gatanu uyu mwaka , bamubajije ivy’iterambere , yababwiye ko icihutirwa ari ukugura amasase yo gutuza abansi b’amahoro . Nkako , uravye munteguro y’amafaranga Leta ikoresha mu 2016, Ibisata vy’iterambere nk’uburimyi, umuyagankuba, … vyaragabanijwe amahera , ariko ayo mu nzego z’umutekano ntiyakomakomwa.Mu majambo make , n’umwana aconka arashobora kubona neza ko mu vy’ubutunzi uburundi bugeze ahatemba.Abahinga bazi ibiharuro mu vy’ubutunzi basanga uburundi buriko busubira inyuma ku rugero rwa 4,1% ni ukuvuga ko budashikana n’ubusa kw’ijana . aho mu bindi bihugu duhana imbibe hari abariko baraduga mw’iterambere ku rugero rw’7% . Naho rero ikigo OBR  kiguma gisohora ibiharuro vyo kuremesha abarundi ngo ibigega si ukubogaboga birenzeko , ni ikinyoma naho boshiramwo ayo bakuye muri rwa rudandazwa rw’abigeme  n’abagore bajana mu bihugu bimwe bimwe  vy’abarabu , kuko umwe wese yarihirwa hafi imiriyoni zibiri n’igice. Kira noneho,wiherereye ukavugana n’abarongozi bamwe bamwe bo mw’ibanki nkuru y’igihugu no mu bushikiranganji bw’ikigega ca leta,barakubwira ko batabona nezaiyo bazokura imishahara y’abakozi mu mezi ari imbere.Ng’ubwo rero bwa Burundi Nkurunziza yerekwa aho yavugira ku kibuga ca Cotebu ko Imana yamweretse ko  umwaka w’2020 uzoshika uburundi  bwavuye ku rutonde rw’ibihugu bikenye . Amenyo aragutwenga ari ayawe , kandi ngo akabi gatwengwa nk’akeza!!

Barundi barundikazi mukund’igihugu

Ncuti z’Uburundi,

  1. Naho ibintu bimeze uko , Nkurunziza we avuga ko ibintu bimeze neza . Maze be n aka karwi kiwe bakabandanya basahura n’utwari tuhari . Ehe raba namwe :
    Amadeni Leta ifitiye amakungu n’amabanki yo hanze atera yiyongera aho kugabanuka . Mu 2014 , yari imiriyaridi hafi 618 ; mu 2015 aja ku mirayidi hafi 646 ; uyu mwaka , gushika mu mpera z’ukwezi kwa gatatu yashika hafi imiriyaridi 696.
  • Amadeni afitiwe abarundi n’amashirahamwe akorera mu gihugu yavuye ku miriyaridi hafi 631,5 mu 2014 , aja ku miriyaridi 759,5 mu 2015 ,akaba yari amaze kurenga imiriyaridi 788,5 mu mpera z’ukwezi kwa gatatu uyu mwaka w’2016.
  • Aha rero ntituvuze ayo Leta ifitiye ibanki nkuru y’igihugu BRB aho mu 2015 yashitse imiriyaridi 273, ubu ibiharuro vy’uwumwaka tukaba tutarabironka. None mwumva tuja he?
  • Hagati aho ya ndege MA 6o n’ubu ntiraguruka , imwe nayo yoreruye umukuru w’igihugu havurwa ko yaguzwe amadorari y’abanyamerika arenga imiriyoni 8,5 ; kubera ubusuma buri muri iryo gurwa , n’ubu , ntirashika kandi yari yitezwe kuva mu mwaka w’Ivy’iterambere ry’igihugu vyo mwumvise kandi mwabonye ko atavyo Nkurunziza anezwe .
  • Imigambi itari mike yarahagaze nk’isanurwa n’iyubakwa ry’amabarabara  nka RN4 riva kuri Chanic rija muri RDC riciye mu Gatumba , RN5 Nyamitanga-Bujumbura ibirometero 32 , igice ca gatatu c’ibarabara Ngozi-Kanyaru.
  • N’ingomero z’umuyagankuba nka Jiji mulembwe na Kabu 16 ntizikiriko zirakorwa . Mugabo Nkurunziza ntareka kwizeza abarundi ko ubutare bwa Nickel I Musongati bugiye kwimbwa tukava mu bukene naho atamuyangankuba uhari wo gukora ico gikorwa .
  • Na twa dufaranga imiriyoni 500 yari yabeshe ngo azoha buri komine ntitwabaye tukiboneka
  • . Nimba twarabuze , nimba twaranyurujwe , mbaza nkubaze .Insiguro yatanzwe ngo ni uko ata komine n’imwe yashoboye gutunganya neza ikoreshwa ryayo . Umuntu agaca yibaza ingene ata musitanteri n’umwe yakuwe bigaragaye ko ataco bashoboye , canke abitwa abashikiranganji b’intwaro yo hagati mu gihugu n’uw’iterambere ry’amakomine ngo babogozwe. Iyo buba ubw’umwe bwari ikindi
  • Mu nama Nkurunziza yagirishije abanya Cankuzo i Mishiha itariki 20 z’ukwezi kwa gatanu uyu mwaka , bamubajije ivy’iterambere , yababwiye ko icihutirwa ari ukugura amasase yo gutuza abansi b’amahoro . Nkako , uravye mu nteguro y’amafaranga Leta ikoresha mu 2016.
  • , Ibisata vy’iterambere nk’uburimyi , umuyagankuba, … vyaragabanijwe amahera , ariko ayo mu nzego z’umutekano ntiyakomakomwa .
  • Mu majambo make , n’umwana aconka arashobora kubona neza ko mu vy’ubutunzi uburundi bugeze ahatemba.
  • Abahinga bazi ibiharuro mu vy’ubutunzi basanga uburundi buriko busubira inyuma ku rugero rwa 4,1% ni ukuvuga ko budashikana n’ubusa kw’ijana . aho mu bindi bihugu duhana imbibe hari abariko baraduga mw’iterambere ku rugero rw’7% . Naho rero ikigo OBR  kiguma gisohora ibiharuro vyo kuremesha abarundi ngo ibigega si ukubogaboga birenzeko , ni ikinyoma naho boshiramwo ayo bakuye muri rwa rudandazwa rw’abigeme  n’abagore bajana mu bihugu bimwe bimwe  vy’abarabu , kuko umwe wese yarihirwa hafi imiriyoni zibiri n’igice. Kira noneho,wiherereye ukavugana n’abarongozi bamwe bamwe bo mw’ibanki nkuru y’igihugu no mu bushikiranganji bw’ikigega ca leta,barakubwira ko batabona neza iyo bazokura imishahara y’abakozi mu mezi ari imbere.
  • Ng’ubwo rero bwa Burundi Nkurunziza yerekwa aho yavugira ku kibuga ca Cotebu ko Imana yamweretse ko  umwaka w’2020 uzoshika uburundi  bwavuye ku rutonde rw’ibihugu bikenye . Amenyo aragutwenga ari ayawe , kandi ngo akabi gatwengwa nk’akeza!!

Barundi Barundikazi mukunda igihugu,

Ncuti z’Uburundi,

  1. Mu ncamake , iyo niyo shusho igihugu cacu gisigaranye . uko ibintu bimeze mu ntara zimwe zimwe , abari mu nzego ndongozi z’umugambwe PPD-Girijambo,bazobibashikiriza mu minsi iza
  1. Igihe twahanura Nkurunziza ngo ntarondere gutwara iki kiringo, uretse ko twabona ko kinyuranye n’amategeko , kandi atakarusho bizozanira igihugu naburya yaca agarukana na ka karwi kiwe nyene , twaranavuze ko ico kiringo gihava gikwega akarambaraye , none , inaravuze ntiteba raba amahano kituzanyemwo .
  1. Turasavye abanyagihugu bose na cane cane abagumyabanga ngo bahinyure Nkurunziza ku bubeshi bwiwe aho yihisha inyuma y’amasengesho kugira abe umwami w’uburundi, akaba abushigikiwemwo na wa murwi CNDI.
  1. Ku bari mu nzego z’umutekano, turabasavye ngo mukubite I Bweru mwibuke ubwenge, mugarukire igihugu kuko uwucishe araboneka, arazwi.
  2. Amakungu cane cane ishirahamwe ry’ibihugu vya Africa y’ubuseruko hamwe n’umuhuza mu matati y’ abarundi tubasavye gufata ingigo zikomeye zo kugarukira ku Burundi
  3. Kuri Petero Nkurunziza, turasubiriye kuruta tuti gezaho . hanurwa wumve ntaco ukora nka ntaconcera, ntaconcambariye. turabona ko ugeramiwe no kubona ivyo wagiyemwo bitariko birakwerera none usigaye uri gati ka waga kuma kakisenya. Nituguteze iminsi nkuko Willy Nyamitwe na Jacques Bigirimana birirwa barabikora, ariko utigaruye vuba, ntuzoronka n’akaryo ko kwicuza. kwiba ingoma ntibigoye nko kuronka aho uyivugiriza ; kuko Imana yatanguye kukugaragaza .

Murakoze

Kugira wumvirize igice ca kabiri c’iryo jambo mu kirundi, fyonda ngaha

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *