africanianews@gmail.com Tuesday - Oct 17, 2017

Igice ca mbere c’ijambo ry’Umukuru wa PPD-Girijambo, Léonidas Hatungimana, ku vyaranze umwaka wa mbere urangiye Nkurunziza yihagiye ikiringo ca gatatu: ibisata vya politike, imigenderanire, umutekano n’ubutungane


  1. makungu ONU, inama nkuru y’umutekano kw’isi, uwurongoye komisiyo y’ishirahamwe  ry’ubumwe bwa Afrika , ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, ishirahamwe ry’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa, ishirahamwe ry’ibihugu vya afrika y’ubuseruko , abakuru b’ibihugu bamwe bamwe nka  Robert Mugabe wa Zimbabwe , Barack Obama wa leta zunze ubumwe za Amerika, Jacob Zuma wa afrika y’epfo , koffi Anan yahoze arongoye ONU, n’abandi. Mu gihugu hagati abarundi bakunda igihugu nabo ntibatanzwe, aho twovuga nk’abungere ba ekleziya katolika, abarongoye amashiramwe amwe amwe adaharanira ivyicaro vya politike, abarongoye imigambwe imwe imwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi hamwe n’abagumyabanga mbere ba CNDD-FDD batari bake banse kurya umunwa.
  2. Abo bose muri rusangi ico banka kwari ko Amasezerano y’amahoro yavuye Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro riyakomakako bihonyangwa bigahava bikwega akarambaraye mu gihugu.
  3. Yamara ngo” ubwira uwutumva ukaba ariwe umeneka amatwi”, ako kamo Nkurunziza ntiyashatse kukumva maze acisha ahiwe akoresha amatora y’inkinamico maze yigarukana ku butegetsi ku nguvu.
  4. Aho benshi bari biteze ko ikiringo ca kabiri ca Nkurunziza co kurongora igihugu gihera kuwa 26/08/2015, we nyene yaciye atembagaza ubutegetsi  yari yatorewe maze itariki 20/08/2015 aca ararahira ngo arasubiriye kurongora igihugu.
    Ico gihe yatamvye yirorera. Uretse ko ata n’intumwa z’ibihugu bigenzi zagiye muri vyo birori, nta n’ubutumwa bwo kumukeza yarungikiwe . Na ya mashiramwe yahora amuha ubushimwe ntiyamukeje na gato. Aca ahera aho rero ariguba , acika gatinyashengero. Muti none uwu mwaka amaze ku butegetsi nyagano yahaye iyihe shusho igihugu?

Barundi , barundikazi mukunda igihugu,

Ncuti z’uburundi

  1. Mu gisata c’imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu, ubutegetsi bwa Nkurunziza bwaranzwe n’ingendo yo kuba ba gatinyashengero, gutukana, n’ibindi . Uturorero tumwe tumwe ni nk’utu:
  • Kuva ku musi ahemukira igihugu mu gusubira kwibadika ku ngoma , Nkurunziza ntaraja kuramutsa canke kugendera igihugu na kimwe , nta manama mpuzamakungu akijamwo. Kiretse ivyegera vyiwe n’abashikiranganji bakeyi, abandi bagize leta y’Uburundi ntaho baja kurahura ubwenge canke ngo baje guharanira inyungu z’igihugu.
  • Aho bagize ngo baragiye naho, kubera ukubura ico bashikiriza, ico basigura bahitamwo kwivumbura. Nivyo vyabaye mu biganiro vy’amahoro biheruka kubera i Arusha, mu nama y’abakuru b’ibihugu vy’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika iheruka kubera i kigali hamwe n’inama yabereye i Jeneve mu Buswisi  irongowe na komite y’ishiramwe mpuzamakumgu ONU ijejwe kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu.
    Uretse ko ubutegetsi nyagano bwa Nkurunziza bwihaye kugira ibihugu nka vyose abansi mu gutuka budatoreye Urwanda, Ububirigi, Ubufaransa, leta zunze ubumwe za Amerika  n’ibindi, uburundi bwacu ntibukiri nyabagendwa. Nabaje ntibaba baje kuramukanya, baba baje kuruta.
    Nico gituma hakurakuranywe intumwa z’inama nkuru y’umutekano kw’isi , umunyamabanga mukuru wa ONU , intumwa zidasanzwe z’ibihugu vyo mw’ishirahamwe  rya  Afrika y’ubuseruko , umurwi w’abakuru b’ibihugu vy’ubumwe bwa Afrika , abahinga mu vy’agateka ka zina muntu,  n’abandi.
  • Ubwo butegetsi bwaranzwekandi no kudadaza gushira mu ngiro ingingo zose n’intumbero z’amashirahamwe mpuzamakungu .Aho twovuga ivy’ibiganiro bidakumira vy’i Arusha , irungikwa ry’ugwego rwa gisirikare maprobu , irungikwa ry’abahinga b’ubumwe bwa Afrika n’intwanzangabo 228 z’abapolisi ba ONU,…
    Abo bose bisa nkaho yabishura nka wa musazi yari yaturiye inzu yiwe akabwira abari basidukanye n’iyonka baza kuzimya ati: ” mubura amaboko yo kuziturira ntimubura imbeho yo kuwota”
    Turangize ivy’iki gisata tubamenyesha ko kuva mu kwezi kwa gatanu 2015, atanama n’imwe irasubira kuba yaba wamugwi ujejwe guhuza abafasha uburundi ( groupe de coordination des partenaires)

Barundi, Barundikazi  mukunda  igihugu

Ncuti z’Uburundi,

  1. Mu gisata c’umutekano n’agateka ka zinamuntu ho ibara ryaraguye .
  • Kuva Nkurunziza  yihagira ikiringo ca gatatu , hamaze kwicwa n’imiburiburi abantu 754 nkuko bivugwa na APRODH, abashika 800 ntawuramenya irengero ryabo kandi baba babanje gufatwa n’inzego za leta nkuko tubihabwa n’ishirahamwe FIDH, abantu bashika 4000 bavundiye  mu munyororo bazira ivyiyumviro vyo kutemera ico kiringo ca gatatu, nayo 651 baraborejwe igufa n’inzego za leta nkuko komite y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu ibivuga . Nayo HCR imenyesha ko abarundi bababa 300.000 bari mu buhungiro mu buzima buteye umubabaro n’agahinda. CNDD-FDD iti:” ntihica ubwoko canke intara, hica intwaro mbi”, iryumeko.
    Ivyo biri uko mugihe umwe mu bavugishwa batumirwa na Nkurunziza yaheruka kwigisha  indongozi z’igihugu kuwa 30/12/2014 mw’ihoteli bita” les plateaux” i Ngozi,yavuze ati : ” Nta midurumbanyo canke imvururu zizoba mu Burundi mu mwaka w’ 2015″. Abari bahari muravyibuka ko uwo mu “pasitoli” yabishimitseko cane abanje kudusomera muba Lewi 26:6 .Turahaye turabahinyura.
    Turahojeje abanyagihugu babuze ababo baba abashoboye kubegeranya n’abatanagaraguye. Birababaje, birateye agahinda n’intuntu.
  • Mu bahunze, twovuga nabo Nkurunziza yahora ahayagiza kubera ibikorwa rurangiranwa vyabo nka Ndikumasabo Terence batazira” Muceri” yateje imbere komine Bisoro mu ntara ya Mwaro, Margarite Barankitse batazira Magi , wa maison shalom , uwo mbere Nkurunziza akaba yari yamwise “maman nationale “, ni ukuvuga umuvyeyi w’igihugu, Niragira jean Berchmans yateje imbere intara ya Cankuzo, umuririmvyi rurangiranywa nka  Kaka Boney n’abandi.
  • Abasigaye mu gihugu nabo nyene umutima  nturi mu nda. Babayeho  mw’ihahamuka  kuri iyo ntwaro ya ryogorumbone. Umuntu ntiyubahuka kuvuga uko yumva ibintu, avuga ibiryohera ubutegetsi. Ivyo turabibona iyo tubonye bamwe mubategetsi uko bibohora bashitse hanze aho bavuga bati” dusigaye tumeze nk’ibishusho, ubu abantu baragenzanya ntibakiyaga biyaguye, abandi niba ntirumveko”.  Ivyo twarabibonye ku maziko y umuhisi Augustin Nzojimbwami (Imana imwakire), aho uwaserukiye umugambwe wiwe Sangwe PADER yavuze ijambo yamuhaye ari ku mpfiro rinyuranye n’ivyo yahora avugira ku mugaragaro. Ngo yamutumye ati:  “kugira igihugu kive mu ngorane kirimwo, hakwiye ibiganiro bihuza bose, bidakumira, bikenewe hakaba ikigongwe c’ikivunga mfatakibanza ku bagirizwa ko bashatse gutembagaza ubutegetsi no ku bandi bahunze”.
  • Ariko rero, naho tubona ko benshi bibananira kurugoborora bamenye ko ako gacerere kabo kica. Umuhinga Albert Einstein niwe yavuze ati” Isi ntizosamburwa  n’inkozi z’ikibi, izosamburwa nyabuna n’abaziraba ntihagire ico bakora”.Uraba wumva birenge niwe ubarirwa.
  • Leta n’umugambwe CNDD-FDD bahisemwo kandi kuja kudandaza abakobwa n’abagore mu bihugu vy’abarabu aho bacurwa bufuni na buhoro, bakajanwa no mu bushurashuzi. Bararira atawe bayaha kuko bari iyo umwana arira nyina ntiyumve. Abashikiwe n’ako kaje karamana bashika 2000 naho igiporisi kimaze gusugerezwa n’ivyemezo  simusiga, cemeye 267 ata minsi n’ibiri yari iheze gihakanye urwo rudandazwa.

Barundi Barundikazi mukunda igihugu

Ncuti z’Uburundi,

  1. Ivyo vyose vyashitse kubera ko hari agahaze gakomeye mu nzego z’ubutungane n’iz’umutekano. Turabe iz’umutekano:
  • Amategeko agenga izo nzego kugira zibe iz’igihugu koko ntizibe iza leta gusa zikoreshwa n’abanyepolitike, Nkurunziza yayahagarikiye mw’ihinyanyurwa bise” revue de la defense” twariko dufashwamwo n’igihugu cubu Hollande. None raba yazigize ibikoresho vyiwe mu gutikiza inganda.
    Uyu musi abanyagihugu babonye cane cane aba polisi babura iyo bahungira gusa, baboneka nk’abajejwe guhungabanya umutekano kubera ko bamwe muri bo bigenza nk’utunyamaswa. Turazi benshi mu bazigize basigaye bafise n’isoni zo kwitwa abajwe umutekano .
  • Amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro riyakomokako vyari vyategekanije ko zoba inzego ziyumvamwo na bose, ariko aho  bigeze ubu , biragaragara ko Nkurunziza ariko azikoramwo ivangura ridasanzwe kugira ca gisoda c’ubwoko bumwe bw’abatutsi  CNDD- FDD yavuga ko irwanya ikiri ku rugamba gihinduke igisoda c’ubwoko bumwe bw’a bahutu.
  • Ubu ariko arazisambura mu kuzibangabanganisha canke mukuzirutisha imigwi y’imbonerakure zimwe zimwe zitwara nkuko umengo nizo zasubiriye izo nzego.
  • Muri izo nzego rero ubu hibonekezamwo imigwi ibiri:
    Hari abateruye idarapo, bemeye gutabura ibabi, bakerebukiye cane kwica n’ugutoteza abatavuga rumwe na Nkurunziza . Ariko nabo nyene bakorana ubwoba kuko umutima urabagiriza bagatinya kwicuza ku mugaragaro kuko bimenyekanye nabo boca baba imbarwa. Barazi ko ejo atari heza kuri bo igihe ubutungane budacira inkonda bwatanguye gukora .
    Uwundi mugwi ni uwo abababazwa n’ivyo bagenzi babo bariko baronona ariko bakaba badashobora kuvyura umutwe kuko worara uciwe narirya bavuga ngo” Kirugaye”.
  • Nkurunziza rero yaciye afata ingingo yo kuza aratanga ubushimwe mu kurungika bamwe bamwe muri izo nkorabara mu butumwa bwo kugarukana amahoro mu bindi bihugu, aho uwahora ahembwa amafaranga atarenga ibihumbi 125 ku kwezi  aba agiye gukorera n’iteka ryinshi ayarenga imiriyoni zibiri ku kwezi.  Ariko ubu icizere kiriko kirabaherana kubera ko:

– Bamwe baravumburwa bashitseyo canke bakiri mu nzira bagakurwayo.
– Ejo bundi abapolisi bari biteguriye kuja gusubirira abari muri centre Afrika barankiwe kugenda . Vyaje gute? ONU yaramenye ko muribo harimwo ba karuhariwe mu guhohotera kiremwa muntu ica ivuga ko ibanza kuza kubagenzurira i Burundi kugira hagende abatajejetako amaraso. Bunyoni na Nkurunziza bati: “twarikukiye ntawuza kutugenzurira aba polisi”. ONU rero ica irabona ko inkuru yari impamo, ica irabankira kugenda. Murumva ko Nkurunziza yemeye kugurisha inyungu z’abapolisi b’umutima mu gukingira inkozi zikibi zibinyegejemwo.
– Biranashoboka kandi ko atan’abasoda b’uburundi bazobandanya baja muri vyo bikorwa. Nkako, mu cegeranyo umunyamabanga mukuru wa ONU yashize ahabona kuwa 19/06/2016, yaravuze ko Uburundi buri mu bihugu 19 vyaranzwemwo cane ivyo gufata ku nguvu abigeme n’abagore bikozwe nabo mu nzego z’umutekano. Mu Burundi abigeme n’abagore 323 bakaba aribo  ONU yashoboye kumenya ko bashikiwe nayo makuba kuva kuwa 26/04/2016.Ingingo rero yatangajwe ni uko atabava muri ivyo bihugu bazosubira kuja mu butumwa bwo kugarukana amahoro kw’isi.

Mbega yoba ariyo mvo abasirikare b’abarundi bari muri centre Afrique bategerezwa kugomborwa mu kwezi 7 boba babongeye amezi 2 bigatuma abari bagiye ku Mudubugu kwuitegurira kujayo basubizwa ku birindiro? Tubirindire, ejo hatubikiye vyinshi.

  • Ivyo biri uko mu gihe n’imiryango y’abari mu nzego z’umutekano itakivuzwa uko vyahora kubera ikena ry’imiti mu bitaro.

 Barundi, Barundikazi mukunda igihugu,

 Ncuti z’Uburundi.

  1. Mu gwego rw’ubutungane naho nyene ivyahuha vyarahuhutse. Aho amahoro agarukira muzomenya Ariko reka tubazatsurire duke :
  • Ubu mw’igenwa ry’abacamanza basasa mu ntahe ku rubanza rukomeye rurimwo politike, umugambwe CNDD-FDD n’ugwego rw’iperereza babanza kugishwa inama kugira hajemwo umucamanza ababera ijisho muguhirika urubanza.
  • Abacamanza bategekwa kandi kubanza kubamenyesha urubanza bagira basome kugira bagwemeze. Abatabigize gutyo bararabwa igitsure, bagatotezwa bagahakwa n’ubuzima. Bagupfuye agasoni baca bakwungururiza gukora ahandi ugatandukana n’umuryango n’utwawe, nivyo vyagaragaye ku rubanza rwa mbere rw’abagirijwe gushaka kutembagaza ubutegetsi ku wa 13/05/2015, kubera bihagazeko bakeza bamwe nka Colonel Daradangwa, na general Prime Ngowenubusa, baragizweko iterabwoba bamwe bakaba barahunze no guhunga.Urubanza rwaciye ruhabwa abandi, maze abari bejejwe baca bacirirwa igihano gikuru kibaho mu mategeko mpanavyaha mu Burundi : ico na co ni ugufungwa uwo guherayo. Mwumve namwe iryo bara.
  • Aha ntituvuze ko imirwi ishigwaho ngo ikore amatohoza itarekuriwe kuyaheza mugihe ataza yeza abari ku butegetsi.
  • Imbere y’ ico kiringo c’inkorabara, mu kwinjiza abacamanza bashasha, hakoreshwa ikibazo abashikije amanota asabwa bagaca babanza guhabwa inyigisho imbere yo gutangura akazi. Vyari vyatanze umwizero wo kugabanura akarenganyo. Aho twafashwa n’ikigo CTB c’ububirigi. Ubu n’iyo habonetse ibibanza, uza wumva ngo naka yaronse akazi ntumenya iyo biva, ka mwanawamama niko kiganje, kuko atabibazo bigikorwa.
  • Ku bakora muri sentare z’intango nabo, mu gihe umucamanza waho yashoboye gukurikirana ivyirwa nyungurabumenyi cane cane ibijanye n’amategeko  muri kaminuza yemewe , bahora bashobora kuduzwa amapete mu kuja gukora mu masentare y’intara n’amaparake ayakukira ariko abanje gukora ikibazo, ubu kuva aho Nkurunziza yihagiriye igiringo ca gatatu, ico kibazo ntikigikorwa , ibintu bica mu kinywabi.
  1. Mbega muri CNDD-FDD ho havugwa amaki?
    Naho nyene hameze nko mu nzego z’umutekano .Hariyo imirwi ibiri: Umwe ugizwe ahanini n’abategetsi na bamwe bamwe mu mbonerakure basya batambaye mu gutoteza abo batariko biyumvira kumwe, no kwica bakica.Uwo murwi ukuriwe na Nkurunziza. Mwomenya ko na Nkurunziza mw’ijambo yashikirije ku wa 19/08/2016 , atigeze acisha mu kanwa n’akajambo na kamwe ngo ahoze ababuze, umengo hapfuye utunyegeri .Nako n’abamuvugira hamwe n’abamwitsa  nka Mutabazi Jean de Dieu bariko barakora mu nkovu ababuze ababo mu kuvuga ko ibiziga bitorwa ari ababa  bazuwe. Iyo mvugo y’ububegito ikaba yaraye ishitse kw’isimbo y’inuma aho yakoreshejwe mw’itangazo inomero 16 rya CNDD-FDD ryo kuwa 16/08/2016 . Atan’isoni bavuga ko mu Rwanda ata honyabwoko ryabaye mu mwaka w’ 1994, ko ari irementanya , bisigura ko irya mivyimba yabonetse ari iyari yazuwe ngira nayo. Bagaca bubahuka rero bagakoresha amajambo ateye umubabaro ngo habaye irementanya. Emwe naho twakagendeye ntitwari bwumve ibintu nk’ivyo aho n’abavyagirizwa batarabicisha mu kanwa uko. Umukirisu umwe niwe yivugiye ati:” No mu batemera ubumana bwa Yezu ( Yesu) sindumva urubahuka kumwita umuhisi “. Ejo ntibaze bihenduze ngo yari politike kuko hari ukuri kubabaje kuzira guhindura. Demokarasi yo yarahambwe ubutakizuka muri uyo mugambwe.
    Ku rundi ruhande hari abanyotewe amahoro na demokarasi baraba amabi abo bandi bariko barakora, agahinda kagahindira mu mitima kubera ari muri ryogorubone. Ikizwi gusa ni uko birirwa baratozwa amafaranga agasakisaki bakabura uwo baganyira. Nko kuva mu kwezi kwa  kane uyu mwaka w’2016, mw’ishirahamwe”Turumwe” ry’abagumyabanga bakora mu nama nshingamateka, uvyemera utavyemera , umwe wese yagiye asanga bariko baramukata amahera ku mushahara buri kwezi. Ibihumbi 70 ku muhanuzi mu biro vy’umuyobozi mwishikra , ibihumbi 20 ku muhanuzi asanzwe, ibihumbi 30 ku wurongoye igisata , ibihumbi 15 ku  mukozi asanzwe n’ibihumbi 5 ku muparanto . Uhirahiye ngo uranana uca witwa mujeri canke sindumuja ugaca utangura kwibonerako.

Ng’ibi mu ncamake ivyo Nkurunziza yakwegeye igihugu mu bisata rusangi vya politike, imigenderanire, umutekano, ubutungane n’agateka ka zina muntu.

Kugira wumvirize iryo jambo mu kirundi, fyonda ngaha

Igice ca kabiri c’iri jambo tuzokibashikiriza mu misi iri imbere

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *